Uko wahagera

Umuyagankuba Wagarutse muri Florida Nyuma ya Irma


Umuyagankuba wasubiye kuboneka mu bice bimwe bimwe vya leta ya Florida aha muri Amerika inyuma y’indwi hafi zibiri atawo. Byaturutse ku gihuhusi gikomeye “Irma” cari kimaze imisi kibica bigacika muri iyo Leta no muturere tumwe tumwe tw’amazinga ya Karayibe.

Yamara, abategetsi ba Leta ya Florida, batangaza ko naho biri uko, imihana n’amahinguriro vyababa amamiriyoni abiri bikiri mu kizime.

Abantu baba 50 bo mu mazinga atandukanye ya Karayibe nibo bamenyekanye ko bahitanywe n’igihuhusi “Irma”. Muri leta ya Florida abagera kuri 15 nibo bahitanywe n’ico gihuhusi.

Hagati aho, ikindi gihuhusi ciswe “Max” , kuva ku mugoroba w’uno wakane, kirasugereje uturere twegereye inkombe y'ubumanuko bw’inyanja ya Pacifike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG