Uko wahagera

Abarundi Bava i Nduta Barabandanya Gutahuka


Abarundi Bashasha batahutse i Makamba bavuye i Nduta muri Tanzaniya, itariki ya 14, 9, 2017
Abarundi Bashasha batahutse i Makamba bavuye i Nduta muri Tanzaniya, itariki ya 14, 9, 2017

Imiryango 146 y’Abarundi bahora mw’ikambi y’i Nduta muri Tanzania kur’uyu wa kane yatahukanywe mu Burundi. Izo mpunzi zakiriwe mw’ikambi y’agateganyo y' i Gatara muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba.

Bamwe mu bahungutse bavuga ko banezerejwe nuko batahutse kuko aho bahora bari babayeho mu buzima budashemeye. Abaserukiye leta y’Uburundi basavye abo bahungutse gushikira ku mirimo kugira ntibazoterwe n’ubukene hamwe n’inzara.

Amakuru ashikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi, HCR, avuga ko benshi bahunze bavuye mu ma komine ya Kayogoro na Nyanza- lac, hakaba hari mu bihe vy'amatora yabaye mu 2015.

Bamwe mur’abo bahungutse bamenyesheje ko banezerejwe no kubona bahungutse ngo kuko bari basigaye babaho mu buzima bubi.

Gloriose Berahino, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati ajejwe kwakira impunzi no kuzisubiza agateka yahaye ikaze abo bahunguke, abasaba kwijukira imirimo yo kwiteza imbere kugira ntibaterwe n'ubukene. Yongeye kandi ababwira ko vuba bose bajanwa mu ma komine bahunze bavamwo.

Abo bahungutse basavye leta y'Uburundi kubafasha mu kubaronsa imbuto n'ibindi vya nkenerwa kugira bashobore kwibeshaho; ngo bobafashiriza n'abana bahungutse mu gihe umwaka w'ishure ariho ugitangura. Abaserukiye, HCR babahaye infungurwa zizobamaza amezi 3, ibihumbi 70 ku muntu akuze na 35 ku mwana, ihema hamwe n'ibitenge.

Abo bahungutse 486 bavuye mw'ikambi y'i Nduta bakurikiye abandi 220 batahukanywe mu ndwi irangiye bakirirwa mu ntara ya Ruyigi. Inyuma y'imibonano abategetsi b'Uburundi n’abo mu gihugu ca Tanzaniya bagiraniye mu ntumbero yo gufasha impunzi z'Abarundi bahungiye muri Tanzaniya guhunguka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG