Uko wahagera

Ku mugwa mukuru wa Kuala Lumpur muri Maleziya, abantu 23 baraye bitavye Umuremyi mumuriro wadutse mugitondo c’uyu musi wa kane kw’ishure ryigisha idini rya Isliamu. Benshi mubitavye Imana bari abana b’abahungu.

Abajejwe ibikogwa vyo kuzimya imiriro bavuga kw’uyo muriro wadukiye mw’igorofa ryo hejuru y’inyubakwa yitwa Dural Quran Ittifagiyah mukibanza abo bana bari baryamyemwo. Abaguye muri iryo sanganya n’abana b’abahungu 21 bari hagati y’imyaka 13 na 17, hamwe n’abigisha babo abiri. Abo bantu bose ntibashoboye guhunga kubera urugi rusohoka aho bari bari rwarimwo umuriro mwinshi, kandi amadirisha yiyo nyubakwa yubatswe muvyuma.

Ababibonye bavuga ko babirabishije agahinda, kandi ko bagumye barumva induru abo bana baguma bakoma bitabariza. Inyuma yaho basanze imibiri yabo yahiriye mu ngunda zibiri z’icumba bari barimwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG