Uko wahagera

Intureka muri Etiyopiya Zahitanye Abantu 32


Amasanamu ya kera

Abantu bashika kuri mirongo itatu na babiri barasize ubuzima mu ntureka zabaye hagati y’intara ya Oromiya muri Etiyopiya hamwe n’intara za Somaliya, nk’uko vyatangajwe n’uwahoze ar’umukenguzamateka aho muri Etiyopiya.

Boqor Ali Omar Allale, yabwiye Ijwi rya Amerika ko ayo matati yabaye hagati y’amoko asanzwe adacana uwaka, k’umugoroba wo kur’uyu wa mbere, mu gisagara ca Awaday, igisagara gito kiri hagati y’ibisagara vya Harar na Dire Dawa. Omar Allale yavuze kandi ko abahitanywe n’ubwo bwicanyi bar’abikorera utwabo, batewe bari mu mazu yabo.

Gushik’ubu abategetsi ba Etiyopiya ntaco baravuga kur’ubwo bwicanyi.

Intureka ziri hagati y’iyo mirwi ukw’ari ibiri zimaze amezi atari make. Umurwi umwe wose ukagiriza uwundi ko ariwo ukora ubwicanyi.

Abahinga bavuga ko intureka hagati y’ayo moko zishobora gutera ibibazo vya politike mu gihugu ca Etiyopiya. Ni mu gihe abajejwe umutekano mur’ico gihugu bamaze kwica abantu bashika ku majana ane, mu myiyerekano imaze imyaka irenga ibiri yo kwiyamiriza Reta ya Etiyopiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG