Uko wahagera

Obama Yiteguye Kwakira Abarongozi bo mu Mice Itandukanye y'Isi


Uwahoze arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama
Uwahoze arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama

Uwahoze arongoye Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yiteguye kwakira abarongozi batandukanye, baturuka mu bihugu vyose, mu nama itegekanijwe kuba m’ukwezi kuza, mu ntumbero yo kuganira ku bijanye no gukorera igihugu.

Mw’itangazo yasohoye, no m’ubutumwa yacishije mw’ividewo, Obama yavuze ko iyo nama izoba kw’itariki ya mirongo itatu na rimwe z’ukwezi kw’icumi, n’itariki ya mbere y’ukwezi kw’icumi na rimwe, muri Reta ya Chicago, kazoba ar’akaryo ko kuja hamwe no kwigira ku bandi, kugira baze basubire inyuma baja kurongora abandi mu gikorwa co guhindura aho babaye.

Obama yavuze kandi ko mu minsi iri imbere, ishirahamwe arongoye, Fondation Obama, rizotanguza imigambi itari mike rikongera rigatanga n’akaryo ku barongoye abandi, kugira bafashe iryo shirahamwe mu gikorwa ryishinze co gutera intege abandi no gufasha abantu guhindura aho babaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG