Uko wahagera

Kamarampaka y'Abakurde Ihangayishikije Iraki


Inama nshingamateka yo mu gihugu ca Iraki, yiyamirije itora rya referendumu, ritegekanijwe mu mpera y’uku kwezi, rifise umugambi wo guha ubwigenge abanyairaki b’Abakurde.

Abakurde bo mu bihugu bitatu baba mu ntara ya Iraki, aho bafise ubutegetsi bwabo, bafise umguambi wo gukoresha itora rya referendumu kw’igenekerezo rya 25 ry’uku kwezi kw’icenda, naho inama nshingamateka y’igihugu ca Iraki yatangaje kw’itora nk’iryo riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro.

Iyo nama nshingamateka yashikirije urwandiko ku kibanza yandikirako amakuru, ruvuga kw’iryo tora, ribangamiye ubumwe bw’igihugu ca Iraki. Ikindi kandi, Iraki ikwiye gukora ibishobotse vyose kugira ngo ibungabunge ubumwe mu banyagihugu.

Iyo nama nshingamateka yakoranye uyu musi ku wa kabiri, ntiyitabwe n’abashingamateka b’Abakurde, nk’uko vyatangajwe n’umwe mu bashingamateka, Mahmoud al- Mashhadani, yari mur’iyo nama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG