Uko wahagera

Florida: Irma Cononye Ivyababa Miliyaridi 60 z'Amadolari


Ibisigarira vy'Ubwato bwononekaye i Miami muri Florida
Ibisigarira vy'Ubwato bwononekaye i Miami muri Florida

Reta ya Florida muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, kur’uyu wa mbere niho yatangura kugereranya uburemere bw’ivyasambuwe n’igihuhusi Irma.

Igihuhusi cakubuye aho caciye gisiga abanyagihugu baharurwa mu ma miliyoni batagira amatara, amabarabara carazibiye bituma abanyagihugu babura inzira yo gusubira mu ngo zabo utwo cabasigarije.

Abategetsi muri Florida bavuga ko cononye bike ugereranije uko cavugwa. Nayo muri Cuba, ku birometero 150 uva muri Florida, ivyononekaye n’umurengera, abantu bashika 10 bavugwa ko bahasize ubuzima, ibitigiri bishika kuri 40 mu mazinga ya caraibe aho caciye hose.

Muri Florida, gushika kur’uyu wa mbere, abantu babiri nibo bapfuye bahitanwe n’amasanganya yo mw’ibarabara mugihe bariko bagerageza guhunga ico gihuhusi.

Abahinga batari bake muvyo gutegekaniriza kazoza, bavuga ko muri Reta ya Florida ivyononekaye biharurwa hagati ya miriyaridi 20 na 60 z’amadorari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG