Uko wahagera

Abantu 18 Barishwe na ISIS muri Misiri


Ibiziga vy'abaporosi ba Misiri bishwe muri Sinai.

Abantu bashika 18 barishwe k’umusi wa mbere m’uburaruko bwa Sinaï muri Misiri mu gitero cakozwe n’abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu ku bajejwe umutekano.

Uwo muhari watangaje ko abasirikare 8 bishwe, ibiduga vya blinde bine birasamburwa mugihe amakuru ava mu baganga avuga ko abishwe ari 18.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu wa Misiri avuga ko ico gitero cakozwe mugihe abasirikare b’igihugu bari mu bikorwa vyo gukizura mu nyuma imodoka batazi baza bumva ibinjiyemwo ica iraturika.

Kuva Perezida Mohamed Morsi akuwe k’ubutegetsi n’abasirikare mu mwaka w’2013, abasirikare ba Misiri baciye batangura guterwa n’umurwi w’Abayisilamu b’intagondwa bitwa Frères musulmans, bavuga ko begamiye umuhari wa reta ya kiyisilamu.

Niwo umaze kwica abasirikare n’abaporisi baharurwa mu majana kandi niwo wagirizwa urupfu rw’abahurikiye mw’idini rukristu mur'ico gihugu barenga ijana.

Mw’itangazo ryavyo kur’uyu wa mbere, ibihugu 15 bigize inama ya ONU ijejwe umutekano baneguye ico gitero bivuye inyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG