Uko wahagera

Abantu bashika kuri 3 barishwe abandi 13 barakomerekeye mugitero cagizwe n’umuhevyi yiturikijeko bombe muri Somaliya. Abapolisi hamwe n’abanyagihugu babibonye bavuga k’uyo muntu yiturikijeko iyo bombe ejo ku muwi w'Imana mumangazini bagurishamwo icayi hagati mu gisagara ca Beledweyne.

Igipolisi kivuga kw’ico gitero cagizwe hafi y’ibiro vya reta biri mu gisagara ca Beledweyne mu karere ka Hiran.

komanda w’igipolisi Isaq Ali Abdulle yabwiye ijwi rya amerika kw’ico gitero cabaye sasita na cumi amasaha yo muri Somaliya, mugihe abantu bariko baritegurira kuja ku musigiti gusenga.

Umumenyesha makuru w’ijwi ry'Amerika Hussein Hassan Dhagane, amenyesha ko mu bakomeretse harimwo abamenyesha makuru batatu.

Abagwanyi ba Al-Shababa biyitiriye ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG