Uko wahagera

Irake: Abakenyezi n'abanana 1,300 bakekwa kuba imiryango ya reta ya ki Islamu


In this Saturday, Sept. 9, 2017 image made from video, a woman and a small child lie on the floor of a tent in a camp for displaced people on the outskirts of Mosul, Iraq. Over 1,300 women and children, all foreign nationals and relatives of Islamic Stat

Ku musi wa mungu abategetsi muri Irake batanganje ko bafise muminwe abakenyezi n’abana bagera ku 1,300 bakeka kuba ari imiryango y’abagwanyi baharanira reta ya ki islamu. Reta ya Irake ivuga ko yabafshize mu nyubakwa y’abateshejwe ingo zabo, kandi ko bafise umigambi wo kubasubiza mubihugu baturukamwo.

Abo bakenyezi n’abana, abari bake muribo baturuka muburusiya, muri Turkiya, hagati na hagati ya Aziya, hamwe no mubihugu vy’ Abarabu. Iyo miryango yishize mumaboko y’abasirikare b’abakurd mu mpera z’ukwezi kwa munani inyuma yaho abasirikare ba reta ya Irake bomoye abagwnyai baharanira reta ya ki islamu babakura mu kigwati ca Tal Afar hafi y’igisagara ca Mosul.

Abategetsi bavuga ko bariko baratohoza neza ibihugu abo bakenyezi n’abana baturukamwo, mugihe benshi muribo batagifise idutabo tw’inzira (paseporo) canke izindi mpapuro zibaranga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG