Uko wahagera

Nyamugigima imaze kwica 90 muri Mexique

Soldiers remove debris from a partly collapsed municipal building felled by a massive earthquake in Juchitan, Oaxaca state, Mexico, Friday, Sept. 8, 2017. One of the most powerful earthquakes ever to strike Mexico has hit off its southern Pacific coast, k

Igitigiri c’abantu bahitanywe na nyamugigima ikomeye m’ubumanuko bw’igihugu ca Mexique k’umusi wa kane kigeze kuri 90. Benshi muribo bari mu ntara ya Oaxaca.

Iyo nyamugigima ifise inguvu kurugero rw’umunani n’ibice bibiri. Yakubise ubumanuko bwa Mexique ku nkombe y’inyanja ya Atlantike imbere ya sasita z’ijoro zo kumusi wa kane. Aho hari ku birometero 100 uvuye mu gisagara ca Tonala.

Gushika ku musi w’Imana abantu bagumye barara hanze kubera ubwoba bw’uko ibintu vyashobora kubandanya bisenyagurika. Aho ni mugihe hongeye kwumvikana nyamugigima ntonya yayo yo kurugero gwa gatanu n’ibice bibiri.

Abategetsi mu ntara ya Oaxaca na Chiapas bavuze kw’inzu ibihumbi n’ibihumbi hamwe n’amashure amajana n’amajana vyononekaye, ibindi birasenyagurika burundu. Abo bategetsi bavuga kandi ko abantu ibihumbi amajana batagira amazi meza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG