Uko wahagera

USA: Sentare Ntishigikira Trump Kubemerewe Kwinjira Muri Amerika


Umunya Irani yakiwe na muvyara we inyuma y'ingingo ya Trump yabuza bamwe bamwe kwinjira muri USA.
Umunya Irani yakiwe na muvyara we inyuma y'ingingo ya Trump yabuza bamwe bamwe kwinjira muri USA.

Sentare nkuru y’iyungururizo ya Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa kane yarahakanye kwemeza integuro y’itegeko yari yashikirijwe na Perezida Donald Trump ibuza imiryango y’Abanyamerika bamuka mu bihugu bitandatu birwiriyemwo abayisilamu kwinjira muri Amerika.

Iyo sentare yashinze ko ba inakuru na ba sekuru, n’abavyara hamwe n’abandi bafitaniye ubucuti bwa hafi mu muryango n’abanyamerika bamuka mu bihugu vya Siriya, Sudani, Somaliya, Libiya, Irani na Yemeni badakwiye kwimwa uburenganzira bwo kwinjira muri Amerika.

Yemeje kandi ko impunzi ziba zemerewe kwakirwa muri Amerika n’amashirahamwe abijejwe nazo nyene zemerewe kwakirwa, ibinyuranye n’ivyo Trump yari yipfuje mu nteguro y’iryo tegeko yasohoye m’ukwezi kwa gatatu.

Mwomenya ko kw’itariki ya 10 ukwezi kwa cumi nyene, ariho iyo sentare izokwumvirizwa uruhande rushigikiye Donald Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG