Uko wahagera

Trump: Gutera Koreya ya Ruguru sico Kiza Ubwa Mbere


Perezida, Xi Jinping w'Ubushinwa na Donald Trump w'Amerika
Perezida, Xi Jinping w'Ubushinwa na Donald Trump w'Amerika

Perezida Donald Trump yavuze ko gukoresha inguvu za gisirikare mu gutorera inyishu ikibazo ca Koreya ya ruguru atari ingingo yoza imbere y’ibindi vyose.

Ivyo yabishikirije kur’uyu wa gatatu inyuma y’aho ayar’abajijwe n’umumenyeshamakuru nimba koko Amerika ishobora gutera ico gihugu.

Trump kandi yaravuganye na mugenzi we w’Ubushinwa, Xi Jinping kuri terefone, ibiganiro avuga ko vyagenze neza cane. Abajijwe ico bavuganye, yishuye ko perezida w’Ubushinwa yipfuza kugira ico akoze kuri Koreya ya ruguru, ariko atazi neza ico azokora canke nimba azonagikora.

Yongeye ko perezixa Xi adashimishwa n’ibiriko biraba mur’ako karere.

Hambavu y’ivyo Reta zunze ubumwe z’Amerika iza iriko ikwiragiza integuro y’ibihano inama ya ONU ijejwe umutekano kuri Koreya ya ruguru, Amerika yipfuza ko vyokwemezwa kur’uyu wa mbere uza.

Iyo nteguro Ijwi ry’Amerika ryashoboye kuronka ihagarika gushorera muri Koreya ya ruguru ibitoro hamwe n’ibihingurwa muri co, ndetse n’umwuka wa gaze ukoreshwa mu bitari bike.

Koreya ya ruguru igurira m’Ubushinwa hafi igice c’ibitoro na gaze ikoresha, abahinga bbavuga ko ivyo bihano mugihe vyokwemezwa bizoba ari ruhasha k’ubutunzi bw’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG