Uko wahagera

Angola: Joao Lourenço Yatsinze Amatora


João Lourenço yahiganwe kuba umukuru w'igihugu muri Angola

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora muri Angola wemeje kur’uyu wa gatatu ko umugambwe MPLA umaze imyaka 42 uri k’ubutegetsi waratsinze amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka.

MPLA watahukanye ikibanza c’umukuru w’igihugu ku majwi 61,07% hamwe n’abashingamateka 150 kuri 220, nkuko bishikirizwa n’uwurongoye uwo murwi utegura amatora, Andre da Silva Neto.

Nkuko ibwirizwa nshingiro rya Angola rivuga, Joao Lourenço yahoze ar’umushikiranganji wo kwivuna abansi azimikwa itariki 25 z’uku kwezi. Azoba asubiriye José Eduardo dos Santos, agiye kuja mu karuhuko ko muzabukuru inyuma y’imyaka 38 yar’atwaye Angola.

Umugambwe UNITA uri muyahiganwe watangaje ko utemera ivyavuye mur’ayo matora ukaba ngo ugiye kwitura ubutungane. Mu gihe utotunganirizwa nkuko wipfuza ngo bazofata izindi ngingo bemererwa n’ibwirizwa nshingiro, ivyo bishikirizwa Estevao Tachiungo, umwe mu ntumwa z’umugambwe UNITA.

Mwomenya ko ayo matora yabaye kw’itariki ya 23 z’ukwezi kwa munani, umwaka w'2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG