Uko wahagera

Igihuhusi gikomeye cane Irma cabandanije kubica biracika mu mazinga ya Karayibe mu gitondo c’umusi wa gatatu. Ico gihuhusi co ku rwego rwa gatanu kirimwo imiyaga ikomeye cane, imvura y’isegenya n’imyuzurane bishobora kugeramira abanyagihugu.

Ikigo ca Amerika kijewe gukwirikirana ibihuhusi catangaje kw’igihuhusi Irma kirimwo imiyaga igenda ku bilometero 295 kw’isaha mu gihe ico gihuhusi kiriko kibica bigacika mu mazinga ya St. Martin na Anguilla.

Abakwirikirana ikirere bavuga kw’ico gihuhusi kiza gutera kija mu bindi bice vyo mu buraruko bw’amazinga ya Virgin Islands. Vyitezwe kw’igihuhusi Irma kirengana hafi y’amazinga ya Puerto Rico ku wa gatatu mw’ijoro, hanyuma gice no mu bice vyegereye ibahari vy’igihugu ca Republique Dominicaine ejo ku musi wa kane.

Igihuhusi Irma cariko gitera kigenda ibilometero 260 kw’isaha kiva mu burengero kija mu buraruko bushira uburengero.

Vyitezweko kibandanya muri iyo nzira mu misi mikeyi yimirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG