Uko wahagera

Bombe Itaturitse mu Ntambara y'isi Yateguwe m'Ubudagi


Igiporisi c'i Frankfurt gihungisha abantu mugihe co gutegura bombe
Igiporisi c'i Frankfurt gihungisha abantu mugihe co gutegura bombe

Abahinga muvy’amabombe kur’uyu w’Imana barashoboye kuzura bombe itashoboye gusambuka mu ntambara ya kabiri y’isi yose, yar’ihambwe mu kuzimu mu gisagara ca Frankfurt mu gihugu c’Ubudagi.

Ico gikorwa cakozwe ar’uko abanyagihugu bababa ibihumbi 65 baba mur’ako karere barimwo abarwayi barenga ijana bo mu bitaro bibiri barimwo n’abaremvye babanje kuhakurwa kumvo z’umutekano wabo.

Iyo bombe yapima tone 1.4 hari haheze indwi bayibonye ahantu hariko hubakwa amazu.

Mwomenya ko amatone arenga ibihumbi bibiri n’ibindi bisasu arivyo vyama vyatowe m’Ubudagi buri mwaka, inyuma y’imyaka irenga 75 intambara ya kabiri y’isi irangiye.

Indege z’intambara z’Ubwongereza na reta zunze ubumwe z’Amerika zateye bombe umuriyoni n’ibice bitanu zishe abantu ibihumbi 600.

Abategetsi b’Ubudagi bagereranya ko ibice 15 kw’ijana vyazo zitasambutse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG