Uko wahagera

Igitero Ca al-Shabab Mu Buraruko Bwa Kismayo


al-Shabab ikomeje kugaba ibitero muri Somaliya

Umutegetsi w’igisirikare ca Somaliya mu karere k’uburaruko i Kismayo, yabwiye Ijwi rya Amerika kw’abagwanyi ba Al-Shaba bagize igitero c’ubwihevyi mu miduga ibiri kw’ikambi ya gisirikare. Muri ico gitero, bishe abasirikare indwi.

Abategetsi bavuga ko imbere y’ico gitero, abo bagwanyi babanje guturikisha ayo ma bombe mu miduga ibiri yari ku kirindiro c’abasirikare.

Umuvugizi w’ibiro vy’akarere ka Jubbland Abdinasir Serar, yabwiye Ijwi rya Amerika ko hakomeretse abasirikare barenga cumi.

Yamara abo bagwanyi ba al-Shabab, bo batanganza ko bishe abasirikare ba reta 26, kandi ko batwaye imiduga n’ibigwanisho bitari bike.

Abategetsi muri Somaliya bamenyesha kw’iyo ntambara yamaze amasaha abiri kubera abasirikare barungitse gutabara baguye mumutego w’ikindi gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG