Uko wahagera

RDC: Abanyagihugu Basabwa Kugarariza Amategeko


Felix Tshisekedi, Umukuru w'Urunani rw'Abatavuga rumwe na Reta.
Felix Tshisekedi, Umukuru w'Urunani rw'Abatavuga rumwe na Reta.

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi yateye akamo abanyagihugu ko kuva kw’itariki ya mbere y’ukwezi kw’icumi, hoba kugarariza amategeko, mu ntumbero yo kwiyamiriza ingendo yo kudatunganya amatora. Ivyo ngo bizokorwa m’uguhagarika gutanga amakori no kuriha amafaranga yinjira mu kigega ca Reta.

Ivyo vyatangajwe kw’jwi rya Amerika, m’ururimi rw’Igifaransa, na Felix Tshisekedi, ari nawe ayoboye urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Rassemblement de l’opposition congolaise. Tshisekedi avuga ko ar’uburyo bwo kwereka Prezida Joseph Kabila ko atacemewe n’abanyagihugu.

Prezida Kabila amaze ikiringo c’imyaka cumi n'indwi ayoboye Igihugu ca Kongo. Ikiringo ciwe caheze m’ukwezi kwa cumi na kabiri, m’umwaka uheze. Gushik’ubu akaba ata rutonde arashiraho rw’amatora, mu gihe amasezerano yashizweho m’ukwezi kwa cumi na kabiri kw’umwaka uheze ategekanya ko atunganya amatora agahagarika umugambi yar’afise wo guhindura ibwirizwa shingiro.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora uvuga ko ayo matora adashobora kuba uyu mwaka, bivuye ku ntureka ziri mu ntara ya Kasai, n’ikibazo kijanye n’ugutunganya intonde z’abazotora. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi baramirira kure izo nsiguro, bakavuga ko ar’uburyo bwo guhagarika ayo matora, kandi ko ari Prezida Kabila atipfuza ko ayo matora atunganywa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG