Uko wahagera

Abantu 44 Bahitanywe n'Imvura y'Isegenya muri Nijeri


Flood in Niger 2012

Mu gihugu ca Nijeri, abantu bashika 44 bitavye umuremyi, bahitanywe n’imvura y’umurengera.

Umuyobozi w’ibiro vy’igihugu bijejwe gukingira ivyaduka, Koloneli Aboubacar Bako, yavuze kw’iyo mvura y’isegenya yasambuye amazu amajana n’amajana kuva m’ukwezi kwa gatandatu.

Ishirahamwe mpuzamakungu, mu kwezi kwa gatanu, ryaragabishije kw’abanyagihugu ibihumbi 107 bashobora gutakaza amazu yabo.

Imvura y’isegenya yaguye mu mwaka w’2016 yarahitanye ubuzima bw’abanyagihugu 60, yongera isenyura amazu ibihumbi n’ibihumbi mu gihugu ca Nijeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG