Uko wahagera

Israyeli: Netanyahu Ariyamiriza Ibimenyeshamakuru


Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli.
Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli.

Benjamin Netanyahu, umushikiranganji wa mbere wa Israyeli yagirije ibimenyeshamakuru, mu kuvuga ko bimurementanirizako amakuru ajanye n’amatohoza yo kurya ibiturire.

Netanyahu yabwiye abanywanyi biwe, kur’uyu wa gatatu, ko inkuru z’ibinyoma zagwiriye, akavuga ko ata yindi ntumero atar’ukumwagiriza ibinyoma.

Netanyahu aregwa kuba yarakiriye utuganuke tw’abatunzi, m’uburyo butabereye, hamwe no kuba yaragerageje gukoresha amategeko mu ntumbero yo kwima isoko bamwe ariha abandi.

Ivyo birego vyose Benjamin Netanyahu arabihakana. Yamara ntibimworoheye muri kino gihe uwahoze ar’umuyobozi w’abakozi avuga ko yiteguye gutanga ivyabona kur’ivyo birego bimuriko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG