Uko wahagera

Amashirahamwe Ntahuza Kubanyuruzwa m'Uburundi


Suspect handcuffed
Suspect handcuffed

Icegeranyo c’ishirahmwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu kw’isi FIDH cerekana ko kuva mu mwaka w’I 2015 abantu bari hagati ya 400 na 900 aribo babuzwe irengero m'Uburundi.

Ivyo ni mugihe kur’uyu wa 30 ukwezi kwa munani uko umwaka utashe amakungu ahimbaza umusi wahariwe abantu banyuruzwa n'ababurwa irengero.

Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, mu cegeranyo wahaye inama nshingamateka wemeza ko ibibazo vya politike vyibonekeje mu gihugu kuva mu 2015 vyatumye abantu barenga 120 banyuruzwa m’umwaka w’I 2016 n’igice ca mbere c’uw’i 2017.

Umugambwe RANAC uri muyitavuga rumwe na reta wasohoye itangazo uvuga ko ubabazwa n’agahinda k’imiryango itazi irengero ry’abayo.

Urwo runani ruvuga mugabo ko ivyo bitigiri ari bike rwose kuko abantu benshi batazi aho bitura iy’ababo banyurujwe abandi nabo bagatinya kubivuga kugira bakize agatwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG