Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko inyishu zose zishoboka ku bijanye n’ibitero vya nyuma Koreya ya Ruguru iheruka gukora. Ivyo n’inyuma y’aho abategetsi ba Amerika batangarije ko hatewe misile balisique yarenganye uburaruko bw’Igihugu c’Ubuyapani, mu gitondo co kur’uyu wa kabiri.
Prezida Trump yavuze ko bigaragara ko Koreya ya Ruguru yasuzuguye ibihugu bibanyi vyayo, mbere n’abanywanyi bose b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, kandi ko inyifato y’ico gihugu itabereye mu makungu. Yarangije avuga ko bariko bariga uburyo bwose bushoboka ku bijanye n’ivyo.
Abamenyeshamakuru bamubajije ico ategekanya gukora kuri Koreya ya Ruguru, Prezida Trump yishuye avuga ko bagiye kuvyiga.
Mu nama y’umutekano ya ONU yihutirwa, yabaye kur’uyu wa kabiri, Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU yavuze ko hategerezwa kugira igikozwe gikomeye, yamara kandi ko yizeye ko ibihugu vy’Ubushinwa n’Uburusiya bizobandanya gukorana nabo kuvyerekeye ico kibazo, nk’uko bakoranye muri kahise.
Facebook Forum