Uko wahagera

Ubufaransa n'Afurika Mu Mugambi Wo Kugabanya Impfu muri Mediterani


Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa

Umurwi w’abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya na Afrika bumvikanye gushiraho umugambi ugenewe gusuzumira mu bihugu vyabo, abanyafrika barondera ubuhingiro mu karere k’i Bulaya, ah’uko babanza kurondera kujabuka ikiyaga Mediterane mu bituma benshi bashobora kuhasiga ubuzima.

Perezida w’igihugu c’Ubufransa, Emmanuel Macron yakiye inama, ku musi wa mbere i Paris, igenewe guhangana n’ikibazo kijanye n’abimukira barondera kuza kugerera mu karere k’i Bulaya, mu buryo budakwirikije amategeko.

Yatangaje kw’amasezerano yatangarijwe ku musi wa mbere ar’inyishsu nyayo ku kubazo kijanye n’abimukira.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira ryatangaje kw’abantu 121,000, bashitse mu karere k’i Bulaya baciye mu mazi mu mwaka uheze.

Abarenga ibihumbi bibiri n’amajana ane barapfuye igihe bariko bajabuka ibahari Mediterane, canke irengero ryabo ntiryamenyekanye.

Umutegetsi mukuru w’ishirahamwe ONU, ajejwe ivyerekeye impunzi, Filippo Grandi yarakiye neza umugambi w’uguhangana n’ikibazo c’abimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG