Uko wahagera

Trump Arasura Reta Ya Texas


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump n’umupfasoni wiwe, Melania Trump bagiye muri Reta ya Texas kwirabira ingaruka zikomeye z’umuwuzurane watewe n’igihuhusi, Harvey muri iyo Reta.

Igihuhusi Harvey kibandanya kuzana imvura y’isegenya muri Reta ya Texas.

Perezida Trump n’umutambukanyi wiwe baza guhagarara ubwa mbere mu gisagara ca Corpus Christi, hafi yaho igihuhusi Harvey cashitse ubwa mbere ku musi wa gatanu w’indwi iheze.

Mu nyuma zyaho baza kuja ku murwa mukuru wa Reta ya Texas, Austin kwumviriza abategetsi baho aho babacira ku mayange ku nkukiriza z’igihuhusi Harvey n’ukugene ibikorwa vy’ugutabara biriko biragenda.

Nta migambi Perezida Trump afise y’ukugendera igisagara ca Houston, aho umwuzurane ukomeye watumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bava mu ngo zabo. Ivyo ni mu mugambi w’ukutageramira ibikorwa vy’ugutabara muri ico gisagara kiza ubugira kane mu bunini muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG