Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yashikirije ko azokoresha ububasha ahabwa n’amategeko kugira ahe Abanyagihugu bo mu ma reta ya Texas na Louisiane ariko araterwa n’imyuzure uburyo bwo gusanura ibiriko birononekara.
Ivyo yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku biro vyiwe kur’uyu wa mbere.
Bitegekanijwe ko Trump agendera ubumanuko bushira ubuseruko bwa Texas kur’uyu wa kabiri kandi avuga ko azonasubirayo k’umusi wa gatandatu aho azonagendera na Louisiana kuraba ko abategetsi bafise ivyankenerwa vyose.
Trump yatangaje ko abakozi ba reta 8000 bari ku kivi muri Texas gutabara.
Gushik’ubu abantu batandatu baramaze gupfa mu gisagara ca Houston no mu micungararo y'aho.
Facebook Forum