Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yateye Misile 3


Abanyagihugu baraba ingene ibigendajuru vya Koreya ya Ruguru.
Abanyagihugu baraba ingene ibigendajuru vya Koreya ya Ruguru.

Koreya ya ruguru yarateye ibindi bigendajuru bitatu vyo mu bwoko bwa misile vyaciye hejuru y’Ubuyapani mu gatondo ko k’uruyu wa kabiri, ibigendajuru vyaguye mw’ibahari Pasifike.

Ivyo vyatumye abategetsi b’Ubuyapani bamera magabo bituma kandi haba amakenga ku migenderanire ya kidiplomasiya kubw’ivyo bikorwa vya gisirikare vya Koreya ya ruguru.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Colonel Rob Manning, yavuze ko Amerika yamenye ivy’iterwa ry’izo misile kandi ko iriko iriga neza ivy’ivyo bigendajuru ariko avuga ko atabwoba vyateye Amerika.

Abategetsi b’Ubuyapani bavuze ko batagerageje gukorora ivyo bigendajuru ariko bongerako ko bibangamiye umutekano w’igihugu cabo.

Yoshihide Suga avugira reta y’Ubuyapani yavuze ko ico gikorwa ar’uguca kubiri n’ivyemezo vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kandi ko Ubuyapani bugiye gukorana n’Amerika hamwe na Koreya y’epfo hamwe n’ibindi bihugu barabe ico bokora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG