Uko wahagera

Ubutaliyano Bufasha Libiya Guhasha Abimukira


Abimukira bagana Uburayi
Abimukira bagana Uburayi

Ibinyamakuru vyo ku mugabane w’Iburayi vyatanguye gushira ahabona ko igihugu c’Ubutaliyano, giha imfashanyo zirimo n’ibirwanisho abasirikare ba Libiya ngo bahagarike abimukira baca muri ico gihugu berekeza ku mugabane w’Iburayi.

Ikinyamakuru Middle East eye, co mu gisagara ca Londres mu Bwongereza cagiriza Ubutaliyano kugira uruhare mu busuma bukorerwa abimukira.

Iki kinyamakuru kivuga ko Ubutaliyano butanga imfashanyo zirimwo ibirwanisho ku basirikare bo mu gace ka Sabrantha, igisagara kiri ku birometero 80 uvuye ku murwa mukuru Tripoli.

Ibi kandi bishimangirwa n’igabanuka ku rugero rwa 86 ku ijana ry’abemerewe ubuhunzi mu Butaliyano ugereranije n’ukwezi guheze.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters naryo rishimangira ko ibitigiri vy’abimukira bahagaritswe bakanamburwa n’abitwaje ibirwanisho mu gihugu ca Libiya, vyiyongereye cane muri uku kwezi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG