Abantu umunani barapfuye k’umusi wa gatandatu hagati muri Burkina Faso basenyukiweko n’umusozi bariko bimba inzahabu, ivyo vyashikirijwe kur’uyu w’Imana n’uwurongoye Komine Gogo, akarere vyabereyemwo.
Iryo sanganya ryoba ryatewe n’imvura nyinshi yaguye mu misi iheze mur’ico gihugu.
Naho abategetsi babuza kwimba inzahabu mu buryo budakurikije amategeko abanyagihugu barenga umuriyoni nibo bakora uwo mwuga mur’ubwo buryo muri Burkina Faso.
Facebook Forum