Uko wahagera

Igihuhusi Harvey Cahagaritse Ubuzima muri Houston


Amabarabara yahindutse inzuzi muri Houston, Texas

Igisagara nka cose ca Houston muri reta ya Texas muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kivogerewe n’imyuzure y’amazi, ingaruka y’igihuhusi ciswe Harvey kivanze n’imvura nyinshi cateye mur’iyo reta kuva k'umusi wa gatandatu kandi kibandanya kwigaragaza.

Buramatari wa Texas, Greg Abbott avuga ko biteze iyindi mvura nyinshi mu misi ir’imbere.

Iyo myuzure y’amazi yatumye ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu batagira ayo bacira nayo bamira, nayo abajejwe gutabara barengewe n’amaterefone y’abanyagihugu baterefona basaba gutabarwa.

Amabarabara y'i Houston yahindutsemwo inzuzi, aho atawiyunguruza atari mu bwato.

Gushik’ubu abantu babiri nibo bavugwa ko bamaze gupfa, bakibaza ko bashobora kuba barenga.


Perezida Donald Trump ategekanya kugendera ako karere kur’uyu wa kabiri mugihe vyogaragara ko urwo rugendo rutosamaza abari mu bikorwa vyo gutabara, nkuko ibiro vyiwe bitangaza.


Abasirikare bashika ibihumbi bitatu nibo barungitswe gutabara, ubwato 600 nabwo nibwo buri mu mabarabara yahindutse inzuzi, gufasha ababuze ingene basohoka mu mazu yabo, nayo indege zitazwi igitigiri ziguruka zirondera abahungiye hejuru ku mazu yabo.

Igihuhusi Harvey nico guhuhusi gikomeye giteye muri Amerika mu myaka irenga cumi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG