Uko wahagera

Uburayi Buzokwima Visa Ibihugu Vyanse Kwakira Abimukira Bavyo


Dimitris Avramopoulos, ajejwe igisata c'abimukira mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Buraya.
Dimitris Avramopoulos, ajejwe igisata c'abimukira mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Buraya.

Umurongozi w’igisata kijejwe abimukira k’umugabane w’Uburayi yatangaje ko Ububirigi bushobora guhagarika imfashanyo muvy’iterambere busanzwe butanga mu bihugu vya Afrika na Aziya, biturukamwo abimukira bataronkejwe ubuhungiro.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru The Times, gikorera m’Ubwongereza kur’uyu wa gatandatu, Dimitris Avramopoulos yavuze ko bariko bariga uburyo bohagarika amafaranga atangwa mu migambi ikomeye y’iterambere hamwe n’ibihano bifatiye k’urudandaza. Avramopoulos yavuze ko batanze izo mfashanyo mur’utwo turere mu ntumbero yo gushinga ubuzi butuma abanyagihugu baguma mu bihugu vyabo.

Yongeye kandi avuga ko ibihugu bitazokorana n’uburayi kubijanye n’izo ngingo bishobora kwankirwa muri rusangi guhabwa impapuro z’ingendo za visa. Ni mu gihe igihugu ca Allemagne cahakanye mu minsi iheze gutanga ama visa ku bategetsi b’ibihugu vyanse kwakira abimukira bavyo.

Ivyatangajwe na Avramopoulos vyumvikanye nk’uko izo mpapuro ubu zigiye guhagarikwa ku bantu b’imice itandukanye, aho yavuze ko abantu ibihumbi bazokorwako n’iyo ngingo, barimwo abaserukira ibihugu vyabo, abaganga, abanyeshure hamwe n’abashakashatsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG