Uko wahagera

Aba Republikani Bariyamiriza Amacakubiri k'Ubutaka bwa Amerika


Umukenguzamateka w'umu Repiublikani, Lindsey Graham
Umukenguzamateka w'umu Repiublikani, Lindsey Graham

Umurwi nyobozi k’urwego rw’Igihugu, m’umugambwe w’aba Republikani watey’ivyatsi imirwi ishir’imbere amacakubiri ikorera hano muri Amerika, hari kur’uyu wa gatanu, mu nama yabereye mu gisagara ca Nashville, muri Reta ya Tennessee.

Uwo murwi yamara ntaco washikirije kuvyatangajwe na Prezida Donald Trump inyuma y’intureka zabaye mu ntango z’uku kwezi mu gisagara ca Charlottesville, muri Reta ya Virginie. Imwe mu ngingo zasohowe n’uwo murwi inyuma y’iyo nama ivuga ko imirwi mibi, irangwamwo amacakubiri ata kibanza ifise k’ubutaka bwa Amerika.

Bill Palatucci, umwe mu bari mur’iyo nama yatangaje ko ivyavuye mur’iyo nama ata sano bifitaniye n’ivy’Umukuru w’Igihugu, yamara ko ar’uwo murwi watangaje ko amacakubiri ata kibanza afise muri Amerika.

Ikigo kijejwe kumenyekanisha amakuru Associated Press, catangaje ko iyo ngingo yo kwiyamiriza imirwi y’amacakubiri, yasohotse kur’uyu wa gatanu, itumvikanyweko n’aba Republikani bose, bivuye ko bamwe muribo bavuga ko itarikenewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG