Uko wahagera

Igihuhusi Harvey Giteye Ubwoba Abanyagihugu muri Texas


NOAA's GOES-East satellite captured this image of Hurricane Harvey in the western Gulf of Mexico on Aug. 24, 2017.

Igihuhusi Harvey congereje inguvu mu gihe kiriko kirengana mu mazi yo mu kigobe ca Mexique, gitera kigana ibice vyegereye ihabari vya Reta ya Texas.

Abahinga mu vyerekeye ikirere bo muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika batangaza ko Harvey kizoba igihuhusi gikomeye cane igihe kizoshika mu bice vyegereye ibahari vya Reta ya Texas, mu masaha yo ku muhingamo uno musi wa gatanu. Imiyaga y’ico gihuhusi imaze kugera ku birometero 177 kw’isaha.

Vyitezwe kw’iyo miyaga igera ku bilometrro 200 kw’isaha igihe igihuhusi Harvey kiza gushika mu gice cegereye ibahari c’ubwaguke bw’ibirometero amajana atandatu.

Vyitezwe kw’ico gihuhusi conona ibintu bitari bike muri Reta ya Texas.

Umuyobozi w’ibiro bijejwe kurwanya ibiza, Brock Long, mu kiganiro yahaye televiziyo CNN, yamenyesheje kw’impungenge nini afise ar’uko bamwe mu banyagihugu baba mu bice vyegereye ibahari basa n’abatumvira igabisha ry’abategetsi. Bakaba bahisemwo kutava mu mazu yabo.

Vyitezwe kw’igihuhusi Harvey kizana imvura yo ku rugero rugera kuri centimetero ijana mu gice kinini cegereye ibahari ca Reta ya Texas mu misi itatu yimirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG