Uko wahagera

Abakozi ba reta barenga 900 bakuwe mu buzi muri Turukiya mu rukurikirane rwo guhana abagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi m’umwaka w’2016.

Ivyo biri mw’itegeko ryasohowe na reta kur’uyu wa gatanu.

Haruhande y’iyo ngingo irindi tegeko rifatanya urwego rw’iperereza n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ryatangajwe.

Mu bakozi ba reta birukanwe kur’uyu wa gatanu harimwo abasirikare, abakora mu za kaminuza, abakozi m’ubushikiranganji bw’ubutungane n’imigenderanire mu makungu.

Abategetsi kandi bakoroye amapete abasirikare cumi bari bafise amapete ya jenerali, amashirahamwe atatu n’amaradiyo atatu navyo vyugawe.

Abantu bashika ibihumbi 50 baramaze gufatwa abandi barenga ibihumbi 140 barakurwa mu buzi mu rugamba rwo guhiga abashatse guhirika ubutegetsi.

Iryo hagarikwa ryatumye amakungu canke ibihugu bigenzi vya Turukiya hamwe n’abaharanira agateka ka muntu bagira amakenga ariko abategetsi ba Turukiya bavuga ko bariko bahangana n’abagomba gushira ihihugu mu kaga n’abakora iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG