Uko wahagera

Amerika Yiyemeje Guha Ibirwanisho Ukraine


James Mattis, Umushikiranganji wa kwivuna abansi wa Amerika (i buryo), ari kumwe na mugenzi we wa Ukraine Stepan Poltorak (i bubamfu).
James Mattis, Umushikiranganji wa kwivuna abansi wa Amerika (i buryo), ari kumwe na mugenzi we wa Ukraine Stepan Poltorak (i bubamfu).

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jim Mattis yagendeye, kur’uyu wa kane, Igihugu ca Ukraine, mu gihe Reta irongowe na Prezida Donald Trump imaze iminsi iriko iriga ku kibazo kijanye no guha ibirwanisho ico gihugu cugarijwe n’intambara.

Ku bijanye n’uko Igihugu c’Uburusiya gishobora gufata ico gikorwa nk’agasotoro, Mattis yavuze ko ibirwanisho vyo kwikingira bidasotora, atari mu gihe utanguye intambara.

Mu kiganiro Mattis ari kumwe na Prezida Petro Porochenko wa Ukraine, bahaye abamenyeshamakuru, Prezida Poroshenko ntaco yavuze ku bijanye n’igihe vyo birwanisho bizoshika mur’ico gihugu, yavuze yamara ko ivyo birwanisho bizokoreshwa ari hamwe Uburusiya bufashe ingingo yo gutera abasirikare ba Ukraine canke ubutaka bwiwe.

Jim Mattis yatangaje ko Amerika yiyemeje gushigikira Igihugu ca Ukraine, kandi ko batazokwemera ko Uburusiya busubira kwigarurira akarere k’uburaruko bw’ico gihugu. Yongeye avuga ko Uburusiya buriko bararondera gushinga ku nguvu imipaka mpuzamakungu, kandi ko ivyo bizotuma ibihano Amerika yahaye Uburusiya bidakurwaho, kiretse Uburusiya buhinduye ingendo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG