Uko wahagera

Sudani y'Epfo Isabwa Gukemura Ibibazo Imbere y'Amatora


Abasirikare mpuzamakungu muri Sudani y'Epfo
Abasirikare mpuzamakungu muri Sudani y'Epfo

Intumwa idasanzwe y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU muri Sudani y’Epfo, Nicholas Haysom, yatangaje ko ari hamwe ingorane zugarije ico gihugu zidatorewe umuti imbere y’uko amatora ategekanijwe kuba m’umwaka uza, atunganywa, igihugu gishobora kubamwo intureka zikomeye.

Ivyo Haysom yabivugiye mu nama y’umutekano ya ONU, kur’uyu wa kane, aho yavuze kandi ko ico gihugu kirimwo intambara mu micungararo itandukanye yaco, co kimwe n’umutekano muke urangwa mu gihugu cose.

Ni mu gihe m’ukwezi kwa gatanu, Reta irongowe na Prezida Salva Kiir, yari yatangaje ko itanze agahengwe kandi ko igiye kurekura abanyororo, yamara ko ata na kimwe cakozwe, kandi ko abasirikare babandanje kugwana mu karere ka Haut-Nil.

Haysom yatangaje ko akigoro ko gusubiza hamwe, katangajwe na Reta irongowe na Prezida Kiir, kabaye ako mu majambo gusa. Avuga ko ibibazo vyugarije ico gihugu vyongerereza amacakubiri kandi ko bishobora kwongerereza intureka, bikazobangamira amatora ategekanijwe kuba m’umwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG