Uko wahagera

Impunzi za Mbere z'i Nduta Zirataha Vuba mu Burundi


Ikambi ya Nduta muri Tanzaniya

Reta ya Tanzaniya yamenyesheje ko imbere y’uko uku kwezi guhera canke mu ntango z’ukwezi kuza kw’icenda, impunzi z’Abarundi za mbere ziyandikishije zizotangura gutahukanwa.

Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa kane n'intumwa za Reta ya Tanzaniya zirongowe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ajejwe ikibazo c’impunzi Mwigulu Nchemba.

Bariko bagendera ikambi y’impunzi ya Nduta irimwo Abarundi barenga ibihumbi 15 biyandikishije ngo batahukanwe.

Nkuko zimwe mu mpunzi zibivuga, ubutumwa bw’abo bategetsi, bwari bushimikiye ku gukeza abamaze kwiyandikisha ngo batahuke hamwe no guhimiriza abatarafata iyo ngingo guhamvya bagenzi babo.

Mu mezi abiri aheze, aho intumwa z’umuhuza mu matati y’Uburundi zagendera iyo kambi nyene, zari zamenyesheje ko hamaze gushirwaho umugwi Nyabutatu wo gutahukana impunzi.

Amakuru dufise yemeza ko uwo mugwi ugizwe na Reta ya Tanzaniya, Reta y’Uburundi na HCR uzogira inama ku vyerekeye ico kibazo nyene kumatarike ya 28 na 29 uku kwezi kw’8.

Ibindi kur’iyi nkuru ni umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Arusha

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG