Imigenderanire hagati ya Reta Zunze za Amerika na Misiri, yar’imaze iminsi yifashe neza, ku ntwaro ya Prezida Donald Trump irangwamwo uruhagarara kuva kur’uyu wa gatatu, inyuma y’aho Amerika ihakaniye guha Misiri imfashanyo isanzwe itanga, bivuye ku bibazo vy’agateka ka zina muntu n’ibihano bikomeye bihabwa amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.
Amerika yagabanije amafaranga angana hafi imiliyoni ijana z’amadolari, isanzwe itanga mu gisata c’ubutunzi n’igisirikare, yongera ihagarika n’ayashika ku miliyoni amajana abiri z’amadolari. Ni mu gihe Igihugu ca Misiri gisanzwe arico gihabwa imfashanyo nini ya Amerika.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu wa Misiri yatangaje ko iyo ngingo irimwo ukwihenda gukomeye ku bijanye n’imigenderanire ivyo bihugu ukw’ari bibiri bimaze imyaka itari mike bifitaniye.
M’ukwezi kwa kane, Prezida El-Sissi wa Misiri yari yagendeye Prezida Donald Trump. Mur’uwo rugendo, Prezida Trump yarahayagije Prezida El-Sissi ku bijanye no kurwanya iterabwoba rya Kisilamu. Ni mu gihe kandi Jared Kushner, umukwe wa Prezida Trump ari m’urugendo aho muri Misiri, mu ntumbero yo gusubira gutanguza ibiganiro vy’amahoro mu karere k’abarabu.
Facebook Forum