Uko wahagera

Ni Nde Utorwa Kuba Perezida wa Angola?


Abel Chivukuvuku, w'umugambwe CASA-CE i Luanda, Angola, 23, 08, 2017.
Abel Chivukuvuku, w'umugambwe CASA-CE i Luanda, Angola, 23, 08, 2017.

Abanyangola bagiye mu matora y’umukuru w’igihugu mushasha uno musi ku wa gatatu. Ayo matora agenewe guhitamwo uwuzosubirira Jose Eduardo dos Santos azova ku butegetsi inyuma y’imyaka 38 yari amaze ari perezida wa Angola.

Vyitezwe kw’umugambwe wa Perezida dos Santos, MPLA, uronka amajwi akwiriye kugira ugume ku butegetsi. Uwo mugambwe uyobowe muri iki gihe n’uwo dos Santos yahisemwo kw’amusubirira. Uwo ni umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi, Joao Lourenco.

Uwoshika ku butegetsi wese azohangana n’ugutorera inyishu ibibazo vy’ubutunzi mu gihugu gitunze ibitoro. Iterambere ry’ubwutunzi muri Angola ryarageramiwe n’igabanuka ry’ibiciro vy’ibitoro.

Umugambwe MPLA uri ku butegetsi muri Angola kuva mu mwaka w’i 1975, igihe ico gihugu caronka intahe y’ukwikukira. Imigambwe itanu iriko ihiganwa n’umugambwe MPLA.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG