Uko wahagera

Umusozi w'Umwavu Wishe 8 muri Gineya


Abajejwe gutabara bafise umwana yarokotse igihe umwavu wasenyukira ku mazu mu micungararo ya Conakry, Gineya.
Abajejwe gutabara bafise umwana yarokotse igihe umwavu wasenyukira ku mazu mu micungararo ya Conakry, Gineya.

Abantu bashika umunani bapfuye abandi barakomereka muri Gineya igihe umusozi w’umwavu wasenyukira ku mazu y’abanyagihugu mu micungararo y’umurwa mukuru, Conakry.

Intandaro n’imvura nyinshi yahaguye k’umusi wa mbere, ivyo vyashikirijwe n’igiporisi hamwe n’abategetsi ba reta kur’uyu wa kabiri.

Ivyo vyago bije bikurikira ibindi nk’ivyo vyabaye muri Sierra Leone no muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo aho naho nyene imvura yasenyuye imisozi abantu baharurwa mu majana barapfa kuva mu ntango z’indwi iheze.

Abategetsi muri Gineya bavuga ko imvura nyinshi ibandanya igwa ishobora guhitana ubuzima bw’abarenze abo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG