Uko wahagera

Abakene Bahitamwo Kugurisha Ibihimba vyabo muri Misiri


Umushikiranganji wa Misiri w’intwaro mu gihugu hagati yatangaje kur’uyu wa kabiri ko hafashwe abantu 12, barimwo abaganga, bari mu mugwi w’abantu karuhariwe mu kugurisha ibihimba vy’abantu.

Ako kagwi karuhariwe mur’urwo rudandazwa kagiraniye amasezerano n’abanyamisiri kugira ibihimba vyabo babihe abanyamahanga ku mafaranga atari make, nkuko uwo mushikiranganji abivuga.

Mu bafashwe harimwo abaganga, abaforoma, hamwe n’abakozi bakora mu bitaro.

Bamwe bafashwe bariko babaga umugabo kugira bamukuremwo amafyigo hamwe n’igice c’igitigu mu bitaro vy’abikorera utwabo mu bumanuko bwa Misiri.

Aba bafashwe baje biyongera ku bandi 25 bafashwe mu mpera z’umwaka wa 2016 mur’urwo rudandazwa nyene barimwo abigisha muza kaminuza, abakozi muvy’amagara y’abantu hamwe na bene ibitaro.

Inama nshingamateka ya Misiri mu mwaka w’ 2010 yaraoye itegeko ribuza urudandazwa rw’ibihimba vy’abantu, hamwe no guhana hana ibihimba hagati y’abanyemisiri n’abanyamahanga kiretse abubakanye.

ONU ishikiriza ko amanyemisiri bakenye baharurwa mu majana buri mwaka bagurisha ibihimba vyabo kugira baronka ico bafungura canke barihe imyenda baheranye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG