Uko wahagera

ONU: Ibimenyetso vy'Ihonyabwoko muri Centrafrika


Abarwanyi b'umuhari Seleka urwanya reta ya centrafrika bakizura i Bangui
Abarwanyi b'umuhari Seleka urwanya reta ya centrafrika bakizura i Bangui

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko rifatiye kubwicanyi buba mu gihugu ca Centrafrika ribona ibimenyetso vyerekana ko hashobora kuba ihonyabwoko.

Ivyo n’ivyashikirijwe na Stephen O'Brien, icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU ajejwe ivy’imfashanyo, mu nama ya ONU ijejwe umutekano kur’uyu wa kabiri.

Ivyo Stephen O'Brien abishikirije inyuma y’urugendo yahoramwo mur’ico gihugu gifise abanyagihugu badashika imiliyoni zitanu. Yaboneyeho akaryo ko gusaba iyongerezwa ry’abasirikare n’abaporisi mu nteko za Minusca zisanzwe ziri muri centrafrika.

Ayo majambo yiwe yatumye ONU igira amakenga mugihe iryo shirahamwe ricibuka ingene ryananiwe guhagarika ihonyabwoko yabaye mu Rwanda mu mwaka w’1994.

Mwomenya ko ONU ifise abasirikare n’abaporisi bashika ibihumbi 12.500 mur’ico gihugu bacungereye abanyagihugu no gufasha reta ya perezida Faustin-Archange Touadera, aheruka gutorwa mu mwaka uheze.

Mur’ivyo biganiro vyo kur’uyu wa kabiri, abagize ako kanama basavye ko horungikwa umurwi munini wa ONU kwirabira neza uko vyifashe mur’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG