Uko wahagera

NIGERIA: Prezida Buhari Aranegura Indyane Zahitiye.


In this photo released by the Nigeria State House, Nigeria's President Muhammadu Buhari looks on during a broadcast to the Nation at the Presidential palace in Abuja, Nigeria, Aug. 21, 2017.
In this photo released by the Nigeria State House, Nigeria's President Muhammadu Buhari looks on during a broadcast to the Nation at the Presidential palace in Abuja, Nigeria, Aug. 21, 2017.

Perezida w’igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari yavugiye kuri televiziyo ya Reta uno musi ku wa mbere, mw’ijambo ryiwe rya mbere kuva atahutse mu gihugu ciwe avuye kwivuza mu gihugu c’Ubwongereza. Yashtse umwuka mu gihe umwuka mubi w’abashaka kwiyonkora ku guhigu, utera wiyongera.

Buhari mur’ iki gihe afise imyaka 74, yaboneka ko yataye ibiro igihe yasoma itangazo ryari ryateguwe, aho yiyemeje kwongereza inguvu mu rugamba rw’ukurwanya umurwi Boko Haram.

Ntaco yavuze ku kiringo kirenga amezi atatu yar’amaze ari kwivuza mu mahanga, canke indwara yatumye aja kwivuza mu mahanga.

Perezida Buhari yatangaje ko bibabaje kubona ko bimwe mu vyatangajwe, cane cane ku mbuga ngurukanabumenyi igihe atari mu gihugu, vyarenze umurongo mu kwibaza nimba abanya Nigeriya bakwirikiye kuba igihugu kimwe.

Hari imirwi itari mike irondera kwiyonkora ku gihugu, harimwo abanyagihugu bo mu ntara ya Biafra iri mu bumanuko bushira ubuserukso bw’igihugu, bayobowe na Nnamdi Kanu anebagura bikomeye cane Perezida Buhari.

Abanyagihugu bo mur’ iyo ntara bagizwe ahanini n’abo mu bwoko bw’aba Ibo.

Perezida Buhari yatahutse mu gihugu ciwe ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, inyuma y’uko amaze imisi irenga ijana ari hanze y’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG