Uko wahagera

DRC: Abantu Baguye Mw'isenyuka Ry'Umusozi Barenga 140


Map of Kasai Provinces in Democratic Republic of Congo (DRC)
Map of Kasai Provinces in Democratic Republic of Congo (DRC)

Igitigiri c’abahitanywe n’isenyuka ry’umusozi mu mihana iri hafi y’ikiyaga Albert, muri Republika iharanira demokarasi ya Congo kimaze gushika kw’ijana na mirongo ine. Ivyo vyatangajwe n’abategetsi ba Reta uno musi ku wa mbere.

Icegera ca Bulamatari w’intara ya Ituri, Pacifique Keta, atangaza ko hari ibiziga vy’abantu amajana n’amajana biri musi y’amabuye yasenyukiye ku mazu mirongo ine n’umunani.

Iryo senyuka ry’umusozi ryabaye ku musi wa gatatu w’indwi irangiye mu mihana y’ahitwa, Tora, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Congo, ku nkengera z’ikiyaga Albert, igihe umusozi wasenyukira kw’ikambi y’abarovyi inyuma y’imvura y’isegenya.

Ico gihe Reta yari yatangaje kw’abantu mirongo ine bahasize ubuzima.

Umwuga wo kuroba mu kiyaga Albert n’umwuga ukomeye ku banyagihugu baba mu ntara ya Ituri, ihana urubibe n’igihugu ca Uganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG