Uko wahagera

USA: Abasirikare 7 Babuzwe Irengero mu Mpanuka y'Ubwato


Ubwato bwo m'ubwoko USS Fitzgerald
Ubwato bwo m'ubwoko USS Fitzgerald

Abasirikare bashika kuri cumi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika babuzwe irengero ryabo, abandi batanu barakomereka, inyuma y’aho ubwato barimwo busekaniye n’ubwato bw’Igihugu ca Singapour butwara ibidandazwa, m’ubuseruko bwa Singapour, hafi y’ibahari rihuza Igihugu c’Ubushinwa n’Ubuhindi.

Itangazo ryasohowe n’igisata c’igisirikare ca Amerika, US 7th Fleet, rivuga ko iyo mpanuka y’ikirwanisho McCain, gisanzwe gisambura za missile, yabaye mu gitondo co kur’uyu wa mbere.

Ibaye impanuka igira kabiri ihitanye ubwoko bw’ico kigwanisho, mu kiringo c’amezi babiri. Impanuka iheruka yabaye m’ukwezi kwa gatandatu, ihitana abasirikare indwi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Abasirikare ba Amerika, bakorera mur’ako karere bamenyesha ko bariko barakorana n’abategetsi bo mur’ako karere mu gikorwa co kurondera abo basirikare babuzwe irengero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG