Uko wahagera

Amerika Yashize Alkhald wo muri Siriya k'Urutonde rw'Intagondwa


Siriya
Siriya

Departema ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yasohoye itangazo kur’uyu wa kane rivuga ko Amerika yashize k’urutonde rw’intagondwa Ahmad Alkhald, aturuka mu gisagara ca Alepo muri Siriya. Alkhald azwi kuba yaragize uruhara mu bitero bikomakomeye vy’umuhari wa Reta ya Kisilamu, vyabaye mu gisagara ca Paris, m’Ubufaransa n’Iburuseri m’Ububirigi.

Ibinyamakuru bikorera mu gihugu c’Ubufaransa bivuga ko Alkhald yinjiye m’Ubufaransa aciye kw’izinga ry’Ubugiriki rya Leros, m’ukwezi kw’icenda, m'umwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatanu. Bivugwa kandi ko iryo zinga ryaciyeko n’abandi barwanyi b’umuhari wa Reta ya Kisilamu.

Itangazo ryasohowe na Departema ya Amerika, rivuga ko uwo wese azogira ico akoranye na Ahmad Alkhald, canke akagira imigenderanire nawe azofatirwa ibihano bikomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG