Uko wahagera

USA: Steve Bannon Yirukanywe mu Mabanga Yiwe


Steve Bannon
Steve Bannon

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yabwiye, ku musi wa gatanu, abategetsi bakomeye bo mu biro vyiwe ko yafashe ingingo y’ukwirukana Stve Bannon mu mabanga yiwe y’umuhanuzi mukuru mu bijanye n'imigambi.

Bannon, abonwa ko yafashije Trump gutorwa mu mabanga ya perezida, yamaze amezi atari make atumvikana n’abandi bategetsi bakomeye bo mu biro kwa prezida.

Umunyamabanga mukuru mu biro kwa perezida, John Kelly na Steve Bannon bumvikanye k’umusi wa gatanu war’uwa nyuma kuri we.

Umuvugizi w’ibiro vya perezida, Sarah Huckabee Sanders yatangaje kw’ibiro vya perezida bishima amabanga Steve Bannon yaranguye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG