Uko wahagera

Kenya: Ivyavuye mu Matora Vyose Vyotegerezwa Gushirwa Ahabona


Abashigikiye Raila Odinga mu myiyerekano muri Kenya
Abashigikiye Raila Odinga mu myiyerekano muri Kenya

Abategetsi bajejwe gutunganya amatora mu gihugu ca Kenya bashikiriza impapuro abanyagihugu bo mu bice bitandukanye vy’igihugu batoreyeko mu matora yabayemwo impari yo mu ndwi iheze.

Ivyo vyatangajwe n’umuboyozi w’abarorerezi b’amatora bo mu karere k’i Bulaya bakwirikiranye amatora mu gihugu ca Kenya.

Inyuma y’ikiringo kirenga indwi amatora abaye muri Kenya, umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora nturashikiriza ibiharuro vyose vy’amajwi yavuye mu bibanza vy’amatora n’ibibanza vy’uguharuriramwo amajwi.

N’ikibazo gitegerezwa kwihutirwa, mu gihe Raila Odinga atavuga rumwe na Reta avuga kw’amatora yibiwe Perezida Uhuru Kenyatta. Vyitezwe kw’abatavuga rumwe na Reta bitwara muri sentare nkuru y’igihugu.

Marietje Schaake, yari ayoboye umurwi w’abanyabulaya bari bajejwe gukwirikirana amatora muri Kenya yatangaje kw’umurwi w’igihugu ujejwe gutuganya amatora ukwiye gufata ingingo.

Yatangaje ko gushikiriza impapuro abanyagihugu batoreyeko mu mpande zitandukanye z’igihugu, vyotuma abanyekenya bizigira kurushiriza ivyerekeye amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG