Uko wahagera

Abakekwa mu Bitero Muri Espanye Babandanya Gufatwa


Umuporisi wa Espanye ahabereye igitero c'Iterabwoba
Umuporisi wa Espanye ahabereye igitero c'Iterabwoba

Igiporisi mu ntara ya Cataloniya muri Espanye, catangaje ko cahagaritse umuntu agira kane ari mu bikekwa mu bitero bibiri vy’iterabwoba vyabaye mu gisagara ca Barcelone ku musi wa kane. Ibitero vyahitanye abantu cumi na bane, abandi batari bake barakomereka.

Igipolisi catangaje ihagarikwa ry’uwo muntu kur'uyu musi wa gatanu ku rubuga Twitter, yamara nta birenga aho camenyesheje.

Igipolisi catangaje ko kikiriko kirarondera uwuvukana n’umwe mu bantu baza bamaze gufatwa. Yamara ntikizi nimba yari umudereva w’imodoka yihaye inkumbi.

Driss Oukabir
Driss Oukabir

Igiporisi kimenyesha ko kiriko kirondera Moussa Oukabir, ko yamara ko muri iki gihe batazi nimba ariwe yariko agendesha iyo modoka.

Uwo bavukana, Driss Oukabir, yahagaritswe ku musi wa kane ari hafi y’ibirometero ijana mu buraruko bw’igisagara ca Barcelone, mu gisagara ca Ripoll.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG