Uko wahagera

Reta ya Kisilamu Yemanze Igitero co muri Espagne


Umwe mu bakomerekejwe n'igitero c'abiyahuzi mu gisagara ca Barcelone, mu gihugu ca Espagne.

Umuhari wa Reta ya Kisilamu wemanze kw’ari wo wakoze igitero cabaye kur’uyu wa kane, mu gisagara ca Barcelone, mu gihugu ca Espagne. Ico gitero cakozwe n’umugabo yaje atwaye imodoka yo m’ubwoko bw’ikamyoneti, aseka abantu bari hirya y’ibarabara, yicamwo cumi na batatu n’abashika kw’ijana bakomeretse.

Igipolisi aho muri Espagne kimenyesha ko abantu babiri bafashwe ku mvo z’amatohoza. Umwe aturuka mu gihugu ca Maroc uwundi aturuka mu gisagara ca Melila aho muri Espagne, igisagara gihana urubibe n’igihugu ca Maroc.

Yamara nyene gutwara iyo modoka n’ubu aracidegemvya. Bikaba bitaratangazwa isano abo bafashwe bafitaniye na nyene gukora igitero. Abapolisi batangaje ko igitero cabaye kur’uyu wa kane gifitaniye isano n’igisasu caturikiye mu nzu iri mu gisagara ca Catalogne, cabaye k’umunsi wa gatatu, gihitana umuntu umwe.

Abategetsi bakavuga ko bibaza ko abari mur’iyo nzu bashobora kuba bariko barakora igisasu cahavuye kibananira. Ivyo vyatumye kandi bibaza ko hashobora kuba hariko harategugwa igitero kinini.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG