va kw'itariki ya 14 uku kwezi gushika ku ya 19 hari intumwa z'umuhuza Mkapa ziri mu Burundi.
Izo ntumwa nta vyinshi zamenyesheje ku rugendo rwazo co kimwe n'ubutegetsi.
Ariko ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu bwemeza ko zaje kubonana n'abategetsi batandukanye.
Izo ntumwa z’umwunganirizi w’umuhuza mu matati y’abarundi, William Benjamin Mkapa zigizwe n’abantu bari hagati ya batandatu n’umunani nk’uko bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’imigenderanire hagati y’Uburundi n’ayandi makungu.
Izo ntumwa zirongowe n’uwitwa David Kapia, umuhanuzi adasanzwe wa Mkapa ziri kumwe n’umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC, Liberat Mpfumukeko.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwemeza ko izo ntumwa zaje kubonana n’abategetsi batandukanye.
Mubo bitegekanijwe kubonana harimwo umushikiranganji w’ubutungane, uw’intwaro yo hagati mu gihugu, uw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu hamwe n’umuhuza w’abarundi nk’uko twabibwiwe na bamwe mu bahora baja mu biganiro ariko batari ku rutonde rw’abazakirwa n’izo ntumwa.
Abaserukira amashirahamwe yigenga n’abanyepolitike nta n’umwe azobonana n’izo ntumwa, mbere na bamwe mu bagize iyo migwi bavyemereye Ijwi ry’Amerika.
Urutonde rw’ibiriko biraganirwa ntirwashizwe ahabona co kimwe n’ikiranga misi. Ariko bamwe mu banyepolitike babwiye Ijwi ry’Amerika ko isango y’ibiganiro bitegekanijwe gusubira kubera i Arusha muri Tanzaniya n’ukuntu Leta yovyitaba arizo mvo nyamukuru z’uru rugendo rw’intumwa za Mkapa.
Eloge Willy Kaneza, i Bujumbura, Ijwi rya Amerika :
Facebook Forum